Umuryŕngo w'ábahânza b'í Rúsha mu Bukęye : amatęká n'ákarŕnga vyâbo
/ Odette Bigirimana ; Dr Denis Bukuru, Promoteur
. - Bujumbura : Université du Burundi, Faculté des Lettres et Sciences Humaines, Département des langues et litteratures africaines, 2013
. - VIII-63 f. ; 30 cm.
Iki gikorwa cerekeye umuryango w'abahanza b'i rusha mu bukeye, akahise kabo, amateka n'akaranga vyabo. Kigizwe n'ibigabane bine.
Ikigabane ca mbere cerekana akarere k'itohoza : i Rusha muri komune Bukeye intara ya Muramvya n'imiryango yahagerereye : Abahanza, Abayengero, Ababibe, Abahondogo, imiryango ihana imbibe n'umuryango w'abahanza b'i Rusha hamwe n'abaserukira Abahanza b'i Rusha na ba sekuruza babo.
Ikigabane ca kabiri kivuga amamuko y'abahanza b'i Rusha, Na bo bakaba bamuka i Rushenza muri Komine Muhanga intara ya Kayanza, izina n'icivugo cabo. Ico na co ni abahiza bahizura ubuki bw'Umwami.
Ikigabane ca gatatu cerekeye akaranga k'abahanza b'i Rusha, imico n'imigenzo vyabo. Imico ivugwa ni nko kuraguza, kugombeka, imigenzo yabo ni nko gusaba abageni mu miryango yose; imiziro yabo ni nko kutarya igitigu ; ibimazi vyabo ni nk'umunyari, umukoni, umurinzi.
Ikigabane ca kane ari co canyuma cerekana uruhara rw'Abahanza b'i Rusha mu kwubaka Uburundi : aha tuvuga amabango yabegukira nko kuba abakevyi, abakuzi b'ibiturire, abakamyi; Abami babatonesheje n'ababasabishije ni nka Mwezi Gisabo na Mutaga Mbikije.
Mu gusozera turasaba ubutegetsi kudufata mu mugongo kugira ngo tubandanye dutohoza no ku yindi miryango iri mu Burundi.