TY - BOOK AU - Banyiyezako,Anselme AU - Bukuru,Denis ED - Université du Burundi TI - Umuryango w'abashubi bo mu Bunyambo no ku Nkiko y'Ukumoso: imico, amamuko n' akaranga vyabo: itohoza ryabereye mu ntara ya Rutana : amakomine ya Gitanga na Rutana PY - 2013/// CY - Bujumbura PB - Université du Burundi, Faculté des Lettres et sciences humaines KW - BI-BuBU KW - Clan ( Abashubi) KW - Bunyambo KW - Kunkiko KW - Abashubi ( Clan) KW - Kumoso KW - Mémoire N1 - Mémoire présenté et défendu publiquement en vue de l' obtention du grade de Licencié en langues et Littératures Africaines N2 - Iki gikorwa cerekeye umuryango w'Abashubi bo mu Bunyambo n'abo ku Nkiko y'Ukumoso, imico, amanuko n'akaranga vyabo : ikigizwe n'ibigabane bine : Ikigabane ca mbere cerekeye akarere k'itohoza n'imiryango yabagerereye. Itohoza ryabereye ku mitumba ya Nyamabuye, Kabago, Cunda na Kazeba iri muri komine Gitanga intara ya Rutana, hamwe n'umutumba wa Gaseri uri muri komine ya Rutana. Imiryango yahasgereye na yo ni : Abashubi, Abahoro, Abashingo, Abaragane, Abanyakarama, Abahinda, Ababanga, Ababimba, Abavumu, Abashoma, Ababanda, Abatsindagire, Abarishi, Abasambo, Abasindi, Ababihe. Ikigabane ca kabiri kivuga amamuko y'Abashubi bo muri ako karere, na bo bakaba bamwe bamuka muri komine Ryansoro, intara ya Gitega, abandi bakamuka i Nkoma muri komine Mpinga - Kayove, intara ya Rutana. Ikigabane ca gatatu cerekeye imico n'akaranga vy'abo Bashubi. Muri ico kigabane havugwamwo ibimazi bambara : agahoro, urusimbi, urukubo, akayugi, akayagavu n'agacumu. Havugwamwo kandi ivyo baziririza. Muri vyo hari nk'ivyo batarya : intama, inkoko, impene hamwe n'inyama y'inkubakuba (icakubiswe n'inkuba). Ivyo batacana ni : umuvyivyi, igihondogori, umukubagwa, umugombe, igikingi c'irembo hamwe n'ibitungwa : inka y'agafyiri. Ikigabane ca kane cerekana uruhara rw'abo Bashubi mu kwubaka Uburundi. Muri bo dusangamwo abahamagazi, abarwanira umuganwa n'abararira i buganwa. Hari abami n'abaganwa babatonesheje n'ababasabishije, ni nk'umwami Mwezi Gisabo n'abaganwa nka Bujenjegeri hamwe na Nteturuye. Mugusozera turasaba ubunegetsi ko bwodufata mu mugongo kugira ngo tubandanye dutohoza no ku yindi miryango y'Abarundi ER -