Ntahombaye, Alphonsine

Umuryango w'abahura b'i nkoma ya banege : amateka yâbo n'akahise kabo, itohoza ryagizwe mu mazone ya mpinga kayero muri Komine mpinga-Kayove, intara ya Rutana / par Alfonsine Ntahombaye; Denis Bukuru, direcetur . - Bujumbura : Université du Burundi, Faculté des Lettres et Sciences Humaines, Département de Langues et Littératures Africaines, 2013 . - X-88 f. ; 30 cm.

Mémoire présenté et défendu publiquement en vue de l'obtention du grade de Licencié en Langues et Littératures Africaines

RESUME

Itohoza ry'agizwe mu mazone ya Mpinga na Kayero muri Komine Mpinga-Kayove, Intara ya Rutana.

Iki gikorwa cerekeye umuryango w'abahura b'i Nkoma ya Banege bo muri Komine Mpinga-Kayove, amateka yabo n'akahise kabe, kigizwe n'ibigabane bitanu :

Ikigabane ca mbere arico c'intangamarara, gishikiriza ibibazo nyamukuru, vyizwe, ubwoko bw'itohoza igihe iki cigwa gihagazeko n'imihingo y'itohoza.

Ikigabane ca kabiri kidondora akarere k'itohoza, kigashikiriza imiryango yahagerereye muri rusangi, kikavuga canecane Abajiji n'Abahura hamwe n'ico bahuriyeko n'Ikibatandukanya.

Ikigabane ca gatatu cerekeye amateka y'umuryango w'Abahura, kigashikiriza amamuko yawo igwirirana ryabo n'ingene bagiye bariyunga, hamwe nibishitsi vya ba sekuruza babo.

Ikigabane ca kane kivuga imico n'imigenzo y'Abahura b'i Nkoma ya Banege, hamwe n'ingene banywanye n'iyindi miryango, aho basabana abageni n'abo batasabana n'ingene bimeze ubu . Kirashikiriza kandi ibibanza bitinywa canke vyibahwa, hamwe n'ubumenyi n'ubuhinga bwa kera.

Ikigabane ca gatanu ari naco ca nyuma, cerekane uruhara rw'Abahura b'i Nkoma ya Banege mu kwubaka Uburundi, amabanga n'amabango yabegukira, hamwe n'ivipfuzo vyabo.

Mu gusozera, turérekana ihangiro ry'icigwa n'ico twashitseko. Turasaba ubutegetsi kudufata mu mugongo kugira ngo tubandanye dutohoza no ku yindi muryango y'abarundi.




Don de l'auteur

390.