Kazinduzi y'amajambo akoreshwa mu buvuzi bw'abantu : Itohozwa ryabereye mu gisagara ca Gitega
/ Mélance Ndayirukiye ; Ferdinand Mberamihigo , directeur
. - Bujumbura : Université du Burundi, Faculté des Lettres et Sciences Humaines, Département des Langues et Littératures Africaines, 2018
. - V-72f. ; 30 Cm
Mémoire présenté et défendu publiquement en vue de l'obtention du grade de Licencié en Langues et Littératures Africaines.
RÉSUME,
Ihangiro ry'igikorwa cacu ni iryo gutunganya kazinduzi nyarumwe y'ikirundi yerekeye amajambo akoreshwa mu buvuzi bw'abantu. Ishingiye ku nsorongoro y'amajambo yerekeye ico gisata; kera na mashasha.
Mu gucagura abatangankuru,twashimikiye ku bumenyi no kiba ari umurundi kandi afise imyaka igereranye ( 35-50).
Mu ntuùbero yo lworohereza umusomyi, umwihwezo washimikiye ku gutondeka ayo majambo ku rutonde rumenyerewe rw'indome twisunze amatsitso tukongera tukayasigura.
Ku vyerekeye umwimbu, twararonse igitigiri kigereranye c'amajambo akoreshwa muri ico gisata c'ubuzima (200). Ariko twasanze ari umuzi w'ibuye kuronka menshi kuko mu buvuzi vyinshi ar akabanga.
Yamara rero ntitwoshira agati mu ryinyo ngo amajambo yosee twarayegeranije. Ku bw'ivyo, tugumana inyota y'ukuronka abogira ico batwunguye mu kubandanya ico gikorwa abarundi bakaronka kazinduziitimbanye y'amajambo akoreshwa muri ico gisata.