Umuryango w'abenengwe b'inyagasasa, komine Mugamba n'ubucuti bunze n'iyindi miryango
/ par Yves Nsabimbona; Denis Bukuru, Directeur
. - Bujumbura : Université du Burundi, Faculté des lettres et sciences humaines, département de langues et Littératures Africaines, 2018
. - XI-71 f. ; 30 cm.
Ikigabane ca gatatu gisigura imico n'imigenzo y'abenegwe b'i Nyagasasa, ubucuti bunze n'iyindi miryango batuye hamwe. Abenengwe b'i Nyagasasa bari bafise ivyo bazira biharije vyerekeye abantu canke ibitungwa. nta mwenengwe yasaba umugeni mu barembe canke Abanyakarama kandi nta mwenengwe yatunga inka y'igitare.
Ikigabane ca kane ari na co ca nyuma cerekana uruhara rw'abenengwe mu Ngoma y'uburundi : amabanga n'amabango yabegukira, ba sekuruza rurangiranwa muri kahise ka kera n'aka vuba. Muri abo dusangamwo abatware, abakamyi n'abacamanza bari bakomakomeye i Bwami n'i Buganwa.
Uwo muryango wipfuza amahoro, urukundo mu bantu, abantu ntibasamazwe n'ivy'imigambwe canke amoko. Baripfuza kandi kumenyana n'abandi benengwe bari muyindi mihingo.
Mu gusozera turasaba Leta kudufata mu mugongo kugira ngo tubandanye dutohoza no ku yindi miryango iba mu burundi kuko biraboneka ko hari imiryango igifise ubumenyi, imico n'imigenzo myiza vyofasha igihugu c'uburundi gutera imbere.