TY - BOOK AU - Ndayisaba,Jacqueline AU - Bukuru,Denis ED - Université du Burundi TI - Umugambi wa kazinduzi k'amajambo yerekeye ivyambarwa n'inyambaro mu Burundi: Itohoza ryagiriwe mu gisagara ca bujumbura PY - 2012/// CY - Bujumbura PB - Université du Burundi, Faculté des lettres et sciences humaines, département de langues et littératures africaines KW - BI-BuBU KW - Habillement KW - Dictionnaire KW - Projet KW - Burundi KW - Mémoire N2 - Résumé, iki gikorwa c'itohoza ni umugambi wa kazinduzi k'amajambo yerekeye ivyambarwa n'inyambaro mu burundi. Iyo nayo ikaba igizwe n'ibigabane bitatu (3) Ikigabane ca mbere kivuga ingene itohoza ryagenze. Tuvuga akarere k'itohoza hamwe n'ubuhinga bw'itohoza. Itohoza ryabereye mu gisagara ca Bujumbura ku bantu bava mu mihingo itandukanye, ubuhinga twakoresheje mu kuronka inkuru ni ukubaza abantu (abatanzi b'inkuru), kwisunga ivyanditswe mu bitabu, no gufata amasanamu. Hari n'ayandi masanamu twakuye mu bitabu kwa hans MEYER (1916). J.B. NTAHOKAJA (1978), na J. GAHAMA (1983. Ikigabane ca kabiri gishikiriza ivyiyumviro nyamukurur vy'indimburo ifasha gusoma iyi kazinduzi. Ahanini ni indimburo y'izina n'irivuga. Turerekana ubwoko bw'amazina (izina ry'akame n'izina ry'inkomoko, izina ry'ikinege n'izina ry'urunani). Irivuga na ryo twerekanye inyubako yaryo n'ingingo zirigize. Ikigabane ca gatatu cerekeye kazinduzi nyezina. Iyo na yo igizwe n'anajambo ashika 380 atondeshejwe hisunzwe urutonde rw'indome (A-Z) dufatiye ku rudome rwa mbere rw'itsitso ry'ijambo. Kw'ijambo ryose, hari inkuru zikurikira : ijambo nyezina, umwihwezo waryo,ubwoko, ubwoko bw'aryo : igihe iryo jambo ry'atanguye gukoreshwa (kera, vuba, vuba cane), umugwi waryo (ari izina), insiguro zaryo, ivyitiranwa vyaryo (igihe biriho) : amayagwa iryo jambo rikoreshwamwo, ingene iryo jambo rikoreshwa mu mvugo isanzwe. Inyigisho nkoramutima iri muri iki gikorwa ni iyi : Abarundi ntibahereza gutazira n'ukwambara ivyambarwa vyobo gusa. Izina ry'icambarwa n'ingne acambaye vyajana n'ijambo n'ubutumwa nyene kuyambara canke kwambika ashikirije abayibona ubwo butumwa bwaba bufatiye : (i) ku bikorwa vyabo (saturisi) ( satura isi), (ii) ku migenderanire (kibasoke), (iii) ibiringo vya poritike n'ivyubuzima (ntunyekurugarama (ntunye ku rugarama). mvuyiharusha (mvuye i Arusha), Terigiti (tera igiti), (iv) ukwikingira n'uguhamura (igiheko). Ikirundi rero kirafise ubutunzi bwinshi n'akanovera gashobora kutwigisha ibintu vyinshi ER -