CATALOGUE DES BIBLIOTHEQUES DE L'UNIVERSITE DU BURUNDI


Bienvenue au Catalogue en Ligne des Bibliothèques de l'Universite du Burundi

Mémoire présenté et soutenu publiquement en vue de l'obtention du grade de licencié en langues et littératures africaines

INCAMAKE,

Icibare c'umwâmi co mu Mana za Mugera kiri mû ntâra kama y'ikirimiro,muri komine Bugendana ,Komine Giheta ,igice ca komine Gitega,igice ca komine Mutaho (akaba ari mû ntâra ya Gitega),hamwe n'ibice vya komine Gihogazi na Komine Nyabikere (mu ntâra ya Karusi).
Icibare c'Umwami c'i Mugera gihurirana n'igihugu cahoze gitwarwa n'umuganwa Mboneko.Kera nta muganwa yagitwara,caramutswa Umwami,kigatwarwa n'ivyariho vyiwe.Umuganwa Mboneka yahashizwe n'Ababiligi,mu myaka y'1930.
Ico cibare kirimwo ibibanza vyabahwa bitwibutsa akahise,nk'ibigabiro vy'abami,hamwe n'ibindi bibanza bifise insigûro mu mateka y'uburundi.Kibamwo imiryango mirongo itanu n'itatu iri mitûmba mirôngo ibiri n'ibiri yo muri Komine Bugendana.
Ibigabiro vy'abami ni nk'ibi:Ikigabiro ca Ntare Rugamba kiri mu Rwingiri,ikigabiro ca Mutaga kiri i Gaterama,hamwe n'ibigabiro vya Mwezi biri mu Gitega,mu Gishwa,i Mwurire ,mu Mirama,no mu Carire.Turetse ibigabiro vy'abami,ibindi bibanza vyabahwa bifise izina rifise insiguro ihambaye mu mateka y'uburundi ni nka Mugera risigura ko hagererewe n'Imana,hamwe no mu Kangeyo,Havugwa ko ari ho bambikiye ingeyo Umwami Mwezi Gisabo ahungutse avuye mu Gishora.Ahandi hantu hibutsa akahise ni i Kavumu hari ikivumu cibutsa umutware yahabaye.
Imiryango ihagwiriye (Kandi ari na yo yari ihafise amabanga y'igihugu ahambaye),ni Abahanza ,Abashubi,Abajiji,Abavumu,Abanyakarama,Abenengwe ,Abapfumpfu,Abatare N'abezi.
Kubera ko iki gikorwa kirerekana vyose,dusaba ko abandi batohoji boja muri ako karere bokwisonga gutohoza umuryango umwumwe ku buryo bwiharije,botohoza akamaro k'imico n'imigenzo mvamakungu biri muri ico cibare ,botohoza amazina y'imihingo yose,botohoza mbere bishobotse icibare cose.

There are no comments on this title.

to post a comment.
© 2019-2025 - Bibliothèques de l'Université du Burundi |Tous droits réservés
home | Contact nous | tel : +25779204313