BIBLIOTHEQUES DE L'UNIVERSITE DU BURUNDI


Catalogue en Ligne des Bibliothèques de l'Universite du Burundi

Icibare c'Abakani b'Ikidasha mu Rwesero n'Imiryango babana itohoza ryabereye muri Komine Makebuko intara ya Gitega

Published by : Université du Burundi, Faculté des Lettres et Sciences Humaines (Bujumbura) Physical details: X-84 f. 30 cm. Year: 2018

Mémoire présenté et défendu publiquement en vue de l'obtention du grade de Licencié en Langues et Littératures Africaines

Résumé,

Iki gikorwa kigizwe n'ibigabane bine bitangurirwa n'intangamarara bigaherezwa n'umusozo. Ikigabane ca mbere ari co AKARERE K'ITOHOZA gica hirya no hino ako karere aho twasanze gakomeye kuva ku ntwaro ya cami gushika n'ubu. Aho twafatiye ku bibanza vyubahwa gushika n'ubu bihangwa n'imigirwa yahaangurirwa nko kubandwa no guterekera kandi gushika n'ubu barabigira gusa barinyegeza batinya abababona.

Ikigabane ca kabiri kigizwe n'AMAMUKO Y'ABAKANI B'I KIDASHA MU RWESERO aho twasanze bamwe bavuga ko boba bamye baba ng'aho i Kidasha mu Rweso abandi bakavuga ko boba baje bazanaye n'umwami wa mbere NTARE RUSHATSI CAMBARANTAMA ko ari na we yabaraze umwuga wo gukana, kuvuza no gutamba ingoma. Muri iki kigabane harimwo amamuko y'izina Abakani aho bavuga ko bitwa Abakani kubera sekuruza yitwa MIKANI.

Ikigabane ca gatatu kigizwe n'IMICO N'IMIGENZO NDANGAMURYANGO aho twasanze abakani ata mico canke imigenzo bisangije kiretse hageze umwanya wo kurangura amabanga yabo ajanye n'ingoma no guterekera

Ikigabane ca kane cerekeye URUHARA RW'ABAKANI B'I KIDASHA MU RWESERO MU KWUBAKA IGIHUGU aho twasanze abakani kuva ku ntwaro ya cami bari bajejwe kujana ingoma umunani nshasha ku munsi mukuru w'umuganuro i Muramvya. Nubu rero bama baseruka mu minsi mikuru ikomeye mu gihugu eka mbere no mu makungu barashikayo kuvuza no gutamba ingoma kandi barigisha n'abandi kuzivuza no kuzitamba

There are no comments on this title.

to post a comment.
© 2019-2024 - Bibliothèque centrale |Tous droits réservés
home | Contact nous | tel : +25779204313