BIBLIOTHEQUES DE L'UNIVERSITE DU BURUNDI


Catalogue en Ligne des Bibliothèques de l'Universite du Burundi

Mémoire présenté et soutenu publiquement en vue de l'obtention du grade de licencié en langues et littératures africaines

RÉSUME,

Iki cigwa cerekeye icibare c'bwami c'i Kiganda, twiga imico n'imigenzo y'imiryango yagerereye muri ico cibare, twerekanaibibanza vyubahwa vyo muri ico cibare. Iki cigwa kirimwo ibigabane bitatu
Ikigabane ca mbere cerekeye kwerekana imbibe z'icibare c'i bwami c'i kiganda. icibare c'i bwami c'i kiganda kiri mu ntara ya Muramvya, kigizwe n'intara kama zibiri, ikimiro n'umugamba. Icibare c'i bwami c'i Kiganda gihana urubibe n'icibarec'i mbuye bigabuwe n'uruzi Mubarazi, uruzi Mucécé na rwo rutandukanya icibare c'i kiganda n'icibare c'i Rukiga, kigaheza kikagaburwa n'icibare co kuNdava. Ico cinare carimwo ikirimba ca Mwezi Gisabo numurwq w'umuganuro w'umuganuro. Iki cibare c"i Kiganda kirimwo ibindi vyibare vyafasha mw'itunganywa ry'ingomz y'Uburundi: icibare ca Mukakiranga cari ku misozi Nkowe na Ngara, icibare c'i Renga cari umurwa w'umwami Ntare Rugamba se wamwezi Gisabo, ivyibare vy'i Kivyeyi n'i Nkodo vyafasha mu misi mikuru yo kwimika Umwami no kwakira isugi n'iyindi migirwa yakenerwa.

Ikigabane ca kabiri cerekeye ibibanza vyubahwa vyo mu cibare c'i Kiganda. Iki cibare kirahambaye mu mateka y'uburundi kuko kirimwo ibibanza vyubahwa bitari bike aha twovuga nko mu mateka ya kiganda hiimikirwa Abami. Muri iki cibare hariyo ibigabiro vyinshi na cane cane i nkondo kuko umwami iyo yimye yantegerezwa kuhatera imbiriko imbere y'uko asubira i Muramvya. Ikindi kibanza kitwibutsa kahise k'Uburnundi ni ahahora igitabo Abarundi bambarizamwo Imana baciye kuri kiranga Umwami w'imitima y'Abarundi.
Ikigabane ca gatatu cerekeye imiryango yagereye mu cibare c'i Kiganda. Imiryango igwiriye muri ico cibare mbere yari ifise n'amabanga ahambaye mw'itunganywa ry'ingoma y'Uburundi ni: Abahanza,Abajiji, Abanyagisaka, Abayengero, Abenengwe, Abahondogo, n'Abanyakarama.
Mu gusozera twosaba ko umuntu wese yoba afise umutima wo gushaka kumenya no kumenyekanisha akaranga k'igihugu cacu yobandaniriza aho twagejeje mu kugira irindi tohoza canke mu kutwunganira.

There are no comments on this title.

to post a comment.
© 2019-2024 - Bibliothèque centrale |Tous droits réservés
home | Contact nous | tel : +25779204313