BIBLIOTHEQUES DE L'UNIVERSITE DU BURUNDI


Catalogue en Ligne des Bibliothèques de l'Universite du Burundi

Umuryango w'abahoro bo mu bunyambo Akahise kabo n'imigenzo yabo; itohoza ryabereye muri komine ryansoro mu ntara ya gitega na komine Rutovu mu ntara ya Bururi

Published by : Université du burundi, Faculté des lettres et sciences humaines, département de langues et littératures Africaines (Bujumbura) Physical details: X-62 f. 30 cm. Year: 2018

Mémoire présenté et défendu publiquement en vue de l'obtention du grade de licencié en langues et littératures Africaines

Résumé,

Iki gikorwa kidondora umuryango w'Abahoro bo mu Bunyambo, muri komine Ryansoro mu ntara ya Gitega na komine Rutovu mu ntara ya Bururi. Gitohoza akahise kabo n'imigenzo yabo. Kigizwe n'ibigabane bine bitangurirwa n'intangamarara.

Intangamarara yerekana inkikuro y'igikorwa n'ibibazo nyamukuru birongoye iki gikorwa, ihangiro n'ubuhinga bw'itohoza hamwe n'ibikoresho twakoresheje mu kwegeranya inkuru hamwe nokundondora abatanze inkuru.

Ikigabane ca mbere kivuga akarere itohoza ryabereyemwo. Ni mu ntara kama y'Ubunyambo ku misozi ya Ndava, Murenge, Nyamugari, Mahwa, Nyentambwe, Murama na Kibaya ya komine Ryansoro hamwe n'imisozi ya Rutoke, Nyabucokwe na Gikwazo ya komine Rutovu. Ibiterwa bimera muri ako karere ni ibijumbu, imyumbati, ibiharage, ubwishaza, amasaka, imyungu, ibiyoba, amateke, ibigori, ingano n'ibindi. Imiryango yagerereye mu karere k'itohoza ibana n'Abahoro.
Mikuru mikuru ni Abajiji, abasobe, abarishi, abahinda, abashubi, abanyakarama, abavumu, abahondogo, abongera, abenengwe, abahanza n'Abanyarwanda.

Ikigabane ca kabiri cerekana amamuko y'abahoro bo mu Ryansoro n'ingene baje kuhatura.
Abahoro bo muri komine Ryansoro mu ntara ya Gitega bamuka muri komine Rutovu mu ntara ya Bururi. Abo mu Rutovu na bo boba bamyengaho.

Ikigabane ca gatatu cerekana imico n'imigenzo vy'Abahoro bo mu Ryansoro mu ntara ya Gitega ; ivyo Abahoro batunga nk'ibiterekerwa nk'uturorero inguru, ingeyo, intama n'ibindi ; cerekana imigenderanire yabo n'abandi Barundi, abo basabana abageni. Kiriga kandi imiziro yabo nk'akarorero nta Muhoro yasaba umugeni mu Barayi ari bo Basobe kandi nta Muhoro yatunga inka y'umufyiri.

Ikigabane ca kane ari na co ca nyuma cerekana uruhara rw'Abahoro mu kwubaka Uburundi, amabanga n'amabango yabegukira ne n'ivyipfuzo vyabo. Muri abo dusangamwo abatwre nka NTAHOMPAGARE Dominiko, Bazira, Mvano n'abandi. Uno muryango wipfuza amahoro muri rusangi.

Mugosozera turasaba ubutegetsi ku dufata mu mugongo kigira ngo tubandanye dutohoza no ku yindi miryango iba mu Burundi.

There are no comments on this title.

to post a comment.
© 2019-2024 - Bibliothèque centrale |Tous droits réservés
home | Contact nous | tel : +25779204313