Nizigiyimana, Virginie
Umuryangow'abatira bo mu ntara kama ya Nkoma : itohoza ryabereye muri komine Musongati, mu Ntara ya Rutana / Virginie Nizigiyimana; Denis Bukuru, directeur . - Bujumbura : Université du Burundi, Faculté des Lettres et Sciences Humaines, 2017 . - IX-77 f. ; 30 cm.
Mémoire présenté et défendu publiquement en vue de l'obtention du grade de Licenciée en Langues et Littératures Africaines
RESUME,
Iki cigwa c'itohoza cerekeye umuryango w'abatari b'i Musongati, mu ntara ya rutana, akaba ari no mu ntara kama ya NKOMA. Cibanda na canecane ku mamuko, imico, akaranga n'imingenzo yabo. Kigizwe n'ibigabane bine ari vyo vy'ibi:
Ikigabane ca mbere cerekeye akarere k'itohoza. Muri iki kigabane, narerekenye neza, nifashishije amakarata ndondabihugu, aho intara y'i Nkoma ihereye mu Burundi bw'ubu. Narerekanye imiryango yagereye muri ako karere. Narerekanye ibibanzavyubahwa (muri kahise eka mbere n'ubu) biri mu karere k'itohoza. Narerekanye inzuzi n'imigezi biri mu karere k'itohoza. Naragerageje gutohoza inkomoko y'amazina y'izo nzuzi, ntibagiye ay'ibibanza. Muri iki kigabane, narerekanye ico intara ya Nkoma yamaze muri kahise k'Uburundi, na canecane mu ntango y'intwaro ya cami n'itunganywa ry'ingoma y'uburundi
Mu kigabane ca kabiri, naciye irya n'ino amamuko y'umuryango w'abatira. Nabonye ko uyu muryango wamutse ku muryango w'abashubi. Ivyo na vyo vyabereve i bwami. Hari Abashubi batiye umwami urushinge yarubuze, umwami nawe, aca avuga ko guheraubwo, abo bamujaye urushinge bazokwitwa Abatira. Ni muri iki kigaban nyene nerekanye iyo Abatira bagereye mu karere k'itohoza baturuka. Naragerageje kurondera amashami y'uwu muryango, ariko ntayo natoye.
Ikigabane ca gatatu, ari na co gikuru kiyaga ibijanye n'imico n'imigenzo y'Abatira. Aha naravuze ibijanye n'ibimazi vyabo, ivyo bazira, uko basenga, eka mbere n'uko bari babanye n'iyindi miryango aho hambere.
Ikigabane ca kane, ari co ca nyuma kirimwo uruhara rw'abatira mu kwubaka Uburundi. Aha nasanze uru ruhara ruhagaze na canecane ku mabanga bajejwe ku ntwaro ya cami, tutibagiye imigenderanire myiza bari bafitaniye n'iyo ntwaro, vyanatumye mbere bamwe mu batware no mu baganwa babagabire, bakanabatonesha.
Don
390.04