CATALOGUE DES BIBLIOTHEQUES DE L'UNIVERSITE DU BURUNDI


Bienvenue au Catalogue en Ligne des Bibliothèques de l'Universite du Burundi

Umugambi wa kazinduzi k'amazina y'abantu bagize uruhara muri kahise k'uburundi mu ntango y'ikinjana ca 20

Published by : Université du Burundi, Faculté des Lettres et Sciences Humaines, Département des Langues et Littératures Africaines (Bujumbura) Physical details: VIII-165 f. 30 cm. Year: 2013

Mémoire présenté et défendu publiquement en vue de l'obtention du grade de Licencié en Langues et Littératures Africaines.

Résumé,

Umugambi wa kazinduzi k'amazina y'abantu bagize uruhara muri kahise k'Uburundi mu ntango y'ikinjana ca 20 : ufatiye ku mazina dusanga mu cegeranyo c'itohoza ryagizwz na Georges SMET mu 1935 : Abami, Abaganwa, Abatware inkebé, ivyariho, Abamikazi n'abandi.

Inyuma y'inyigisho za Kaminuza, twaterereye mu kwandika iyi Kazinduzi mu ntumbero yo guteza imbere ururimi rwacu rw'ikirundi, ikaba igizwe n'urwo rurimi gusa kuko kazinduzi ziriho zigizwe n'indimi zibiri. Ivyo navyo tukaba twabitumwe n'ishaka no kugomba kwerekana ubwigenge mu rurimi rwacu tudatinya kandi tutisuzugura mu kugumana n'akarangamutima ka zina murundi wese gafatiye kuri urwo rurimi nyene.

Iki gikorwa cacu kigizwe n'ibigabane bine (4) :

1. Mukigabane ca mbere, twerekana inzira twafashe n'ubuhinga twakoresheje mu kwandika iyi kazinduzi.

2. Mu kigabane ca kabiri duca ku mayange uko Uburundi bwari bumaze mu ntango y'ikinjana ca 20 gushika igihe Georges SMET yagendera Uburundi mu 1935, tukabandanya gushika mu 1960 aho abatware babogozwa burundu, mu mabanga yo kurongora igihugu bigatuma hahindagurika vyinshi mu ntwaro no mu buzima bw'abanyagihugu.

3. Mukigabane ca gatatu, dushikiriza icegeranyo c'ingendo n'ivyatohojwe n'umwigeme Georges SMETS.

4. Mu kigabane ca kane, dushikiriza kazinduzi nyezina k'amazina twatotorokanije twisunze bwa buhingq tuzoba duhejeje gushira ahabona bwo kwandika kazinduzi.

Mu gusozera kino gikorwa, tugira icegeranyo c'ivyo Kazinduzi izoba yadushikanyeko mu vyerekeye guteza imbere ururimi n'ubumenyi mu Kirundi, tukerekana kandi amakarata amw'amwe ajanye n'iringanizwa ry'Uburundi mu vy'intwaro. Turangiza twerekana uko imiryango mikuru y'Abatare yari ikwiragiye mu Burundi hamwe n'ibiti ndondamvyaro vy'Abaganwa umwigisha Georges SMETS yatohojeko mu 1935.

There are no comments on this title.

to post a comment.
© 2019-2025 - Bibliothèques de l'Université du Burundi |Tous droits réservés
home | Contact nous | tel : +25779204313